Imyidogo ni yose ku bakenyezi bagipfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi.

0
Ibohero ry’abakenyezi ryo mu ntara ya Ngozi risigayemwo abanyororo 133 muri bo harimwo 21 bafise abana. Ni inyuma y’aho harekuriwe 22 kuri uyu wa mbere. Mu basigayeyo harimwo abidoga ko bari kuba mu bataha baravye ivyasabwa kugira barekurwe.
Jean Marie Nshimirimana, arongoye ishirahamwe Ntabariza riharanira agateka k’abanyororo n’imiryango yabo, abizeza ko n’abo nyene benshi bazorekurwa vuba. Abivuga yishimikije amajambo yaraye ashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi hamwe n’umushikiranganji w’ubutungane.
Uwutwara iryo bohero nawe avuga ko ibibazo vyabo azobishikiriza umugwi ubijejwe