Umushikiranganji wa mbere wa kenya Musalia Mudavadi asaba Leta ya Kongo kuriha ibintu vyose vyaraye vyononekariye muri Ambassade ya kenya iri I kinshasa bikozwe n’urwaruka rwari mu myiyerekano.
Musalia Mudavadi avuga ko Leta ya kongo ataco yakoze kugira ikinge ivyaraye bibereye muri Ambassade zitandukanye ziri i Kinshasa ibiheza bigahonyanga amasezerano y’ Vienne.

Mw’itangazo ryo ku musi w’ejo igenekerezo rya 28 Nzero 2025,umushikiranganji wa mbere wa kenya Musalia Mudavadi yaraye asavye umushikiranganji w’imigenderanire wa kongo Thérèse Kayikwamba Wagner kuriha ivyononekariye muri Ambassade ya kenya iri i kinshasa mu gihe c’imyiyerekano yabaye ku musi w’ejo ikozwe n’urwaruka i Kinshasa.
Ambassade zitandukanye harimwo iza Uganda kenya,Belgique,USA,Hollande,France,n’urwanda zarasahuwe,ibikoresho biribwa izindi ziraturirwa harimwo no gukubagura abakozi bakorera muri izo Ambassade.
Leta ya kenya yibutsa umushikiranganji w’imigenderanire ya kongo ko ivyabaye bihonyanga amasezerano y’i Vienne ku bijanye n’ubuserukizi bw’ibihugu.
Ku ngingo ya 22 na 29 y’ayo masezerano avuga ko inyubako z’ubuserukizi zitavogerwa no gukingira abakozi bakora muri za Ambassade nkuko bishikirizwa na Musalia Mudavadi.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa kongo Thérèse Kayikwamba Wagner amenyesha ko ivyaraye bibaye bibabaje ariko ko Leta Ya kongo yashizeho amategeko yihuta mu kugarukana icuka ciza mbere Leta ya kongo ikazoriha ivyononekaye vyose.





Recent Comments