UBM News ads

Leta y’uburundi ikwiye gushumbushwa ku nka 424 zahawe abakoloni-Léonidas Ndayizeye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuhinga akaba n’umwigisha muri kaminuza y’uburundi Léonidas Ndayizeye amenyesha ko Leta y’uburundi ikwiye gushumbushwa ku nka 424 umwamwi MWEZI Gisabo yahaye abakoroni.

kubwa Leonidas Ndayizeye,izo nka ubu zari kuba zirimwo Inka imiriyoni 55.574.528 muri izo hakaba hari kuba harimwo izivyara imiriyoni 52.428.800 n’ishuri 3.145.728

Ivyo bishikirizwa n’umuhinga akongera akaba n’umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi Léonidas_NDAYIZEYE ayo yashikirije ko Uburundi bukwiye gushumbushwa aho ni mu gihe yariko ashira ahabona ubushakashatsi bwakozwe mu nama yo gushikiriza ivyavuye mu matohoza ku mabi yabaye mu gihe c’ubukoroni hamwe n’inkurikizi y’ihindurwa ry’intwaro yo mu 1925 mu Burundi.Iyo nama ikaba yabaye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 28 nzero 2025 ikaba yari yateguwe n’inama Nkenguzamateka y’Uburundi.

Emmanuel_SINZOHAGERA arongoye Inama Nkenguzamateka y’Uburundi akamenyesha yuko Inama Nkenguzamateka aramutswa ko kuva mu mwaka wa 2015 yagiye ifashanya n’abahinga kugira imenye neza ingaruka mbi zazanwe n’abakoroni b’abadagi n’itegeko ry’umwami mbirigi ryatunganya gushasha intwaro y’Uburundi mu ntumbero yo kuraba icokorwa kugira imitima y’abarundi iruhurwe.Emmanuel_SINZOHAGERA agashikiriza ko abakoroni bataraza Uburundi ko bwari butekanye neza mu bisata vyose.

Emmanuel_SINZOHAGERA akamenyesha kandi yuko Inama Nkenguzamateka ko ifise intumbero yo kunywanisha abarundi habanje kumenyekana amabi abakoroni bakoreye abarundi.

Ivyapfundikiwe muri iyo nama:
1.Kumenya kahise kabi k’Uburundi mu ntumbero yo kwirinda ko bizosubira kuba.
2.Gushiraho umurwi ugizwe n’abarundi,abadagi hamwe n’ababirigi kugira utange umuco w’ivyabaye n’icokorwa
3.Inama Nkenguzamateka gukora ibishoboka vyose kugira ico gikorwa kinyaruke hama gihere.
4.Ku gihugu c’Ubudagi n’Ububirigi,kwumvikana n’Uburundi kugira Uburundi busabwe ikigongwe n’ivyo bihugu ku mabi bwakorewe,hirwe ingene Uburundi bwoshumbushwa ku mabi bwakorewe n’ibindi vyinshi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments