UBM News ads

Ivyishimo ni vyinshi kuri Gen Muhoozi Kaineruga inyuma yaho Goma ifatiwe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Gen Muhoozi kainerugaba arongoye ingabo za uganda(UPDF)akaba n’umuhungu wa Prezida Museveni yashimiye cane intwari z’abatutsi(inkotanyi) inyuma y’ifatwa ry’igisagara ca Goma Bikozwe na RDF na M23.

Umukuru w’ingabo za uganda akaba n’umuhungu wa Prezida museveni yagaragaje ivyishimo inyuma yaho umuji wa Goma ufatiwe bikozwe na RDF n’umuhari M23.

Muhoozi abicishije kurubuga rwiwe rwa Twitter(x)yagize ati:”Inyuma yo gufata Goma,Turashimiye intwari z’abatutsi(inkotanyi) abavukanyi bacu,ibi nivyo twari turindiriye igihe kinini none birashitse hageze ko Africa yiganzura,Turambiwe n’imipaka yaciwe n’ibijuju vy’abazungu.”.

Gen Muhoozi Avuga kandi ko imipaka yaciwe nabi ubundi Goma yari kuba iri kurwanda.

Muhoozi avuga kandi abaraye baturiye ambassade ya Uganda bazobakurikirana iyo bari hose bahanwe hisunzwe amategeko.

Ibi n’ikimenyetso simusiga cerekana ko Uganda n’urwanda biri mu mugambi mubi wo guteza intambara mu karere vyinyegeje inyuma y’umuhari m23 mbere bishobora gufata akarere kose nkuko Antonio Guteress yabishikirije.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments