UBM News ads UBM News ads
Saturday, June 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Komine Kabarore: ubwoba ku banyagihugu ni bwinshi ku myimenyerezo ya Gisirikare ikorwa n-imbonerakure.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abanyagihugu bo mu ku mutumba Kibati wa komine Kabarore y-intara ya Kayanza baratewe umutima uhagaze n-imyimenyerezo ya gisrikare ihakorerwa n-urwaruka rw-imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi ruza ruvuye ku mitumba yose igize zone Rugazi . Abo banyagihugu bavuga ko batewe ubwoba cane cane n-amajambo avurwa n-abari mw-iyo myimenyerezo maze bagasaba abajejwe intwaro ko yohagarara vuba bwango.Image

Nkuko bibandanya bivurwa n-abanyagihugu bo kw-uwo mutumba wa Kibati, Iyo myimenyerezo ikorwa rimwe mu ndwi ku musi wa gatanu . Ikaba yatanguye itarike 14 Nzero 2022, mu majambo bakoresha y-iterabwoba bavuga ko uwudahuje nabo bazoheza bagahigura. Uw-umunyagihugu arabitwiganira :«Turafise ubwoba bwinshi cane butewe n-ukungene imyimenyerezo y-urwaruka rw-imbonerakure iriko irakorwa hano ku mutumba wacu wa Kibati. Iyo myimenyerezo ikaba iteye ubwoba wumvirije amajambo ahavugirwa , abariko barabaha iyo myimenyerezo bababwirako uwuzokwihenda agaca kubiri nabo bazomumesa»

Iyo myimenyerezo ibera aho ku mutumba wa Kibati ihuza imbonerakure zose zo muri Zone ya Rugazi , umutumba wose bakavuga ko uvako abarenga cumi.  Intumbero y-iyo myimenyerezo, ngo bayihejeje, bazoheza barungikwe kurwana muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo kuhamvya bagenzi babo bari kurwanya imihari irwanya Leta y-uburundi nka RED-TABARA na FNL irongowe na Gen. Aloys Nzabampema.

Abo banyagihugu bo kw-uwo mutumba wa Kibati basaba  abajejwe inwaro ko iyo myimenyerezo yohagarikwa kuko ituma batekerwa n-ubwoba  ko bagiye gusubira mu bihe vy-intambara igihugu cahitiyemwo.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments