Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeSportsPerezida Putin yahagaritswe mw-ishirahamwe rya JUDO kw-isi Kubera intambara yatanguye muri Ukraine.

Perezida Putin yahagaritswe mw-ishirahamwe rya JUDO kw-isi Kubera intambara yatanguye muri Ukraine.

Mw-iyindwi twaraye dusozereye, umukuru w-igihugu c-uburusiya Vladmir Putin  yarahagaritswe kuba perezida w-icubahiro mw-ishirahamwe rya JUDO kw-isi (IJF). Iryo shirahamwe risigura ko intambara muri Ukraine Perezida Putin abandanya akomeza ariyo mvo nyamukuru ritumye rimuhagarika.

Nkuko tubikesha urubuga rwa Twitter rwa IJF, itangazo rigufi ry-iryo shirahamwe rivuga riti :« Turavye imvururu y-intambara ikomeje kubera muri Ukraine, ishirahamwe rya JUDO kw-isi  rimenyesheje ihagarikwa rya Vladmir Putin nka Perezida w-icubahiro  na Ambasaderi w-ishirahamwe mpuzamakungu rya JUDO»

Tubamenyeshe ko kuva Perezida Putin atanguje intambara muri Ukraine kuri uyu wa kane w-indwi iheze, ibihugu rutura nka Leta Zunze ubumwe za Amerika n-ubumwe bwa buraya biriko bifatira ibihano biboneka ko ari rutura nko muvy-ubutunzi, ingenzi, guharirwa ivomo … biboneka ko uburusiya vuba bushobora kugira ikibazo kidasanzwe muvy-ubutunzi ni mugihe ico gihugu cari gisanzwe kitifashe neza mu butunzi.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments