UBM News ads

Abarundi 3 baba muri Ukraine barashoboye guhunga ibitero biriko bikorwa n-uburusiya, abandi barabuze ukwo bohunga.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ubuserukizi bw-uburundi mu gihugu c-uburusiya bumenyesha ko gushika ubu bumaze kumenya abarundi batatu baba muri Ukraine aribo  vyakundiye ko bahunga ibitero biriko bikorwa n-uburusiya mw-ico gihugu. Abicishije mw-itangazo yasohoye kuri uyu wa mbere, Edouard Bizimana aserukira uburundi i Moscou amenyesha ko mw-abo barundi batatu bashoboye guhunga ivyo bitero vy-uburusiya, Babiri bahungiye mu gihugu ca Pologne hamwe n-uyundi umwe yahungiye  mu gihugu ca Slovaquie.Edouard Bizimana

Ubwo buserukizi bukaba busaba abarundi baba muri Ukraine batariyandikisha kuri ubwo buserukizi  kunyaruka bakabikora  kugira bworoherwe bufadikanije na Leta y-uburundi hamwe n-uburusiya kubafasha ingene bova mw-ico gihugu ca Ukraine hamwe bobikenera.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments