Burundi 0-2 Senegal

0

Umugwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba mu rugamba usanzwe umenyerezwa na Olivier Niyungeko watakaje urukino rwabo rwabahuza n’umugwi nserukira gihugu wa senegal,urukino rwabereye ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore aho umugwi wa senegal washoboye gutsinda intamba mu rugamba ibitsindo 2-0
intamba
Ku ruhande r’umugwi w’uburundi intamba mu rugamba twokumenyeshako abakinyi bashoboye gutangura mu kibuga n’imigwi baje bavamwo ari:

– Nzokira Jeff / Djibouti Télécom
– Nizigiyimana Karim Makenze / Gor Mahia
– Nduwarugira Christophe Lucio / Chibuto
– Nshimirimana David / Vital’o Fc
– Nsabiyumva Frederick / Jomo Cosmos
– Kwizera Pierre / Rayon sport
– Papy Faty / Bidvest university
– Amissi Cédric / Chibuto
– Harerimana Hapfizi Moussa/ Dcmp
– Ndikumana Yamin Selemani (C)
– Abdoul Razzak Fiston / Celtic Bloemfontein
Urukino rwatanguye biboneka ko umugwi wa senegal hari akantu urusha umugwi nserukira gihugu wacu w’uburundi gushika aho ndetse baronka ibitsindo 2-0,ibitsindo bitashoboye guca intege umugwi nserukira gihugu w’uburundi kuko mu gice ca kabiri,intamba mu rugamba waje ukina n’inguvu nyinshi cane kugira urabe ko wogarukana ivyo bitsindo kugira urabe ko wotsinda n’ikindi kugira ngo barabe ko botahukana amanota 3 ariko bikaba vyabataye kuwamazi,urukino rukaba rwarangiye senegal itsinze uburundi 2-0
umugwi wa senegal
Tworangiza tubamenyesha ko iyo intamba mu rugamba watsinda urwo rukino,umukinyi umwe umwe yari kuronka agashirukabute kangana n’umuriyoni w’amarundi