KOD wavutse ryari?

0

Umugwi Keys Of Dance(KOD) n’umwe mu migwi y’intambo zubu(dance moderne)igezweho cane hano mu gisagara ca bujumbura aho usanga umuntu wese yipfuza kuja mu bintu uyo mugwi KOD urimwo
kod
Nyuma rero yo kubona ko ari umugwi uhurikiyemwo imisore n’inkumi bafise ingabirano idasanzwe mu gutamba,ikinyamakuru cacu ubmnews carabegereye kirababaza ingene batanguye ndetse baranatubwira vyinshi kuri uyo mugwi

Twarababajije ingene batanguye naho iciyumviro caje co gutanguza uyo mugwi KOD,bakaba batubwiye ati:ubwa mbere twari mu mugwi agati k’Imana hama mu nyuma haza kuba ukutumvikana nuwarasanzwe ari umurongozi wuyo mugwi hama duca duhitamwo gutanguza umugwi wacu twigenga,duca tuwita Keys Of Dance,hari mu mwaka wa 2014 igenekerezo rya nzero itariki 12
kod aho usanzwe ukorera imyimenyerezo
twarababajije kandi intumbero bafise mu mugwi KOD,bakaba batubwiye ati:dushaka guteza imbere intambo zubu(dance moderne) hano mu gihugu cacu..abantu bamenye ivyo dukora..intambo yubu(dance moderne)yemerwe nka kurya abakora intambo z’akaranga bakomeye cane
Mu kurangiza twarashatse kumenya igitigiri c’ingene bangana muri uyo mugwi,bakaba batubwiye ati:mu mugwi wacu turi benshi kuko tugize umuryango umwe,turi nka 20 n’abarenga
keys of dance

Tworangiza tubamenyesha ko uyo mugwi KOD usanzwe ugirira imyimenyerezo ahitwa kuri fitness