Iry Tina abandanya yiyegereza abakunzi biwe

0

Umuririmvyi w’umurundi ariko asanzwe akorera akazi kiwe mu gihugu c’ubuganda ariwe Iry Tina abandanya yiyegereza cane abakunzi biwe bari hano mu gihugu c’uburundi aho atako atagira kugirango ashobore kubaryohera
iry tina
Muri ino minsi uyo muririmvyikazi akaba yatumye uwusanzwe amukurikirana ibikorwa vyiwe ariwe yves aho ari hano mu burundi kugira ngo arabe uko akazi ka Iry Tina kariko karagenda,agira ibiganiro ku masamirizi no ku ma tereviziyo,aho ndetse muri ivyo biganiro aheza akabaza ibibazo hama uwugitoye agaheza akaronswa agashimwe karungitswe nuyo muririmvyikazi Iry Tina,bikaboneka rero yuko uyo muririmvyikazi yitaho cane abakunzi biwe,aho ndetse n’abakunzi biwe ubu basigaye bitwa”The Strongers”
Tworangiza tubamenyesha ko Iry Tina yamenyekanye cane ku ndirimbo”Nkwagula”

Yirabe hano: