KIYENZI: Abanyagihugu bavugako Bakubitwa bakongera bakibwa utwabo n’abasirikare.

0

 

MAMA

Aho neza na neza ikinyamakuru canyu arico UBM cari cadendeye Abanyagihugu bo ku mu Sozi wa KIRENZI aho naho akaba ari muri Commune BUHONGA isanzwe iri muri Bujumbura Rural, aho haherutse kugirirwa igitero n’abantu gushika n’ubu boba bataramenyekana.

Ariko abobanyagihugu bakaba batubwiyeko ababateye ko bari abantu bari bambaye imyambaro y’abasirikare.

GT

Bakaba batumenyesheje ko aho ku KIYENZI abanyagihugu baho batabanye neza n’abasirikare boba barazanywe aho nyene kugira bazobe babacungerera umutekano ngo aho kubacungera ahubwo baje kubacinyiza ngo kuko utuntu twabo birirwa baratwiba bakongera bakabasinzikariza n’ubuzima mukubakubagura n’ukubakoresha ibikorwa bitandukanye.

TYUO

Abo Bafasoni batubwiyeko abana babo c’anke abagabo babo batakibana n’abo imvo ngo n’uko umuhungu wese afise imyaka irenga c’umi nine

(14 ans) gushika kumyaka irenga mirongo ine n’itandatu 46 (ans) ngo abo basirikare bamubonye bamwita UMUROBERI ngwacakubitwa bunyamaswa ukamengo sikiremwa muntu.

EH