UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Kenya: Abantu 4 barapfuye abandi barenga 10 bajanwa mu bitaro inyuma yo kwisonzesha barindiriye “umuhero w’isi”.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abantu bane basanze kuri uyu wa kane bapfiriye mw’ishamba , abandi barenga cumi bajanwa mu bitaro mu ntara ya Kilifi, mu gihugu ca Kenya. Ni inyuma yo kwisonzesha barindiriye “umuhero w’isi wegereje”.

Nkuko vyandikwa n’ibinyamakuru bitandukanye vyo mu gihugu ca Kenya, igipolisi kivuga ko abo bantu bari mw’ishamba aho bari bamaze imisi inyuma yo kubwirwa n’umuvugabutumwa wo muri ako karere ko bokwisonzesha “barindiriye kubonana na Yesu”.

Ubutegetsi bwo mw’iyo ntara ya Kilifi bumenyesha ko bwarokoye abantu 11. Batandatu muribo bari bamaze gusinzikara , amagara yabo yifashe nabi cane. Abo bantu bayoboka ishengero ryitwa Good News International Church.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments