Kiramvu avuga ko Uburundi bugiye kubamwo ubwicanyi bw’agahomerabunwa akanatanga ivyemezo

0

Domitile Kiramvu umwe mu banyamakuru b’abarundi bari mu buhungiro, abicishije ku nsamirizi Bujumbura International yamenyesheje ko ico abarundi muri kino gihe bakeneye atari amajambo y’ibihugu rutura aguma avurwa hirya no hino ahubwo ko hakenewe inteko mpuzamakungu zoja gufasha abarundi kugira imbonerakure ntizibamare.

11706037_899414276798990_909562814_o

 

Ivyo akaba yabishikirije yishimikije ko kuba ama radio yaraturiwe abamenyeshamakuru bagahunga igihugu ari ikimenyetso simusiga ko uburundi bugira bukorwemwo amahano atigeze kuba, ayo akavuga ko azokorwa atacamira kuko ata mumenyeshamakuru azoba ahari ngo avuge ibiriko biraba.

Uwo mumenyeshamakuru akundwa nabarundi batari bake kubera amakuru ashikiriza muri kimwe mu binyamakuru bikunzwe cane hano i Bujumbura arico RPA amenyesha ko umukuru w’igihugu yarakwiye kurekura ico kiringo ciwe ca gatatu akongera agasaba ikigongwe abarundi yatwaye nabi igihe kitari gito abacura bufuni na buhoro.

Ivyo akaba yabivugiye mu gihugu c’ububirigi aho asanzwe ari muri kino gihe guhera mu kwezi kwa mbere kw’uno mwaka aho yari yagiye kuraba umuryango wiwe.