Igihugu ntigitwarwa na Pr. Nkurunziza ahubwo gitwarwa na General Adoplhe Nshimirimana

0

Igihugu ntigitwarwa na Pr, Petero Nkurunziza ahubwo gitwarwa na General Adolphe Nshimirimana hamwe n’akarwi barikumwe. Ivyo vyashikirijwe n’icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri iyo ari mu bubirigi aho yayaga n’umunyamakuru Damien.

11652191_899410113466073_106749374_n

Muri ico kiganiro yagiranye n’uwo munyamakuru yamenyesheje ko ibijanye n’ikiringo ca gatatu ca Pr. Petero Nkurunziza hari hariko harasabwa ko hoba PLAN B,ariko General Adolphe nkuko yamye abikora akaba atashimye ivyo ahubwo akomeza kuvyanka. Akaba kandi ari nawe yama yanka ibijanye n’ukuganiro ku bibazo bitandukanye.

Yabandanije avuga ko ubuzima bwiwe i Burundi butari bumeze neza, arico gituma atashobora kuvugira ahabona ibiriko biraba mu Burundi, yabagumye ahanura bo vyega ariko yararindiriye igihe ciza ngo ashobore kubivugira ahabona abwire abarundi n’amakuru ico yibaza cotuma Uburundi buva muri ivyo bibazo bufise.

Uwo mutegetsi yabajijwe ico agiye gukora ku bijanye n’ico gikorwa, yamenyesheje ko agiye kubandanya atera akamo abarundi n’amakungu ku biriko bibera mu Burundi, yongere afashe gutora umuti w’ibibazo nkuko yabikoze guhera mu mwaka wa 2013.

Mwomenya ko yanamenyesheje ko umuhanuzi umukuru w’igihugu afise gushika ubu Ashikamu bianye n’ugukora ishano ari General Adolphe nshimirimana.