CENI | Abitabiriye amatora hagati mu gihugu ni nk’ibice 100%

0

Amakomine 4 muri 13(Musaga, Nyakabika, Ngagara et Cibitoke) agize igisaga ca Bujumbura habonetse abantu bake cane mu matora y’abashingamateka hamwe n’abajenama b’ama komine yo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 29 ruheshi nkuko vyashikijwe n’umuvugizi w’umurwi ujejwe gutegura matora mu Burundi ariwe Prosper Ntahirwamiye. Imvo ngo n’imyiyerekano iboneka cane muri ivyo bice vy’igisagara ca Bujumbura.

Pr. Petero Nkurunziza yagiye gutora n'ikinga aho hari muri Ngozi iyo asanzwe avuka
Pr. Petero Nkurunziza yagiye gutora n’ikinga aho hari muri Ngozi iyo asanzwe avuka

 

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Jeune Afrique yamenyesheje ko hagati mu gihugu ho gushika ubu bivurwa ko amatora yabaye neza kandi ko abayitavye ari abashika ku bice 100%, ariko akaba yamenyesheje ko atari ibiharuro ntabanduka kuko ivyo vyorindirwa mu misi ibiri canke itatu.

Akaba atibagiye kumenyesha ko amatora yabaye mu mutekano ntangere hagati mu gihugu.

Mwomenya ko ayo ari amatora ya mbere ayandi azoba ari ay’umukuru w’igihugu c’Uburundi, nayo abari bamaze kwiyandikisha bose bakaba barakuyemwo akarenge ariko hasigaye umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.