Ibitigiri vy’abakirisu bitabira imisa yo ku musi w’Imana mu gihugu ca Ecosse bikomeje kugabanuka ku musi ku musi, aho ubuyobozi bukuru bw’ishengero rikomeye mw’ico gihugu “The church of Scotland” buheruka gutangaza ko mu misi iri mbere amasengero yababa 100 azokwugara bitewe n’ico kibazo c’uko abakirisu b’ayo masengero batera babivamwo ivyo gusenga cane cane ku misi y’Imana.
Icegeranyo cakozwe na “The church of Scotland” cerekana ko buri ku musi w’Imana abitabira imisa mu masengero bagabanutse maze bagera ku 60.000 bavuye kuri 88.000 bariho imbere y’ikiza ca Covid-9. Ibitigiri vyerekana ko mu mwaka wa 2021 amasengero yarafise abayoboke 283600 bagabanutse bavuye ku miriyoni 1.3 bariho mu mwaka w’1950 . Kugera ubu, Abantu 4500 basenga bifashishije ubuhinga ngurukanabumenyi nayo abandi 8275 bakoresha ubundi buryo.
Ivyo bikaba vyatumye n’ibikorwa vyakorerwa mu masengero bigabanuka, ubu urusengero rumwe rushobora kwakira abubaka izabo canke ababatizwa incuro imwe mu mwaka. Ibitigiri vy’abagirirwa uyo mugirwa w’ishengero biri ubu ku 1200 vyavuye ku 50.000 vyariho mu mwaka wa 1950.
Ico cegeranyo kigaragaza kandi ko bake bakicitabira kuja gusenga ku musi w’Imana ari abari ku rugero rw’imyaka irenga 62.
Recent Comments