UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Kenya:Umupasitori yategetse abakirisu kwisonzesha gushika bapfuye yagirijwe ivyaha 191

Umukuru w’urusengero Good News International Church rwapfiriyemwo abantu amajana n’amajana bazize kwisonzesha gushika bapfuye kugira bashobore guhura na Yesu yagirijwe ivyaha 191 bijanye no kwica.

Paul Mackenzie nabo bakorana muri urwo rusengero 29 bose bahakanye ivyaha barerwa imbere ya sentare yo mu gisagara ca Malindi.

Ibisigarira vy’abantu barenga 400 harimwo n’abana barazuwe mu binogo birebire mw’itongo vyibazwa ko ari vy ‘uwo mupasitori.ubwa mbere yari yagirijwe ivyaha bijanye n’iterabwobwa ,guhohotera abana no kubaboreza igufa. ivyo vyaha vyose akaba yarabihakanye.

Paul Mackenzie akaba apfunzwe kuva mu kwezi kwa Ndamukiza mu mwaka uheze wa 2023.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments