UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Evariste Ndayishimiye abandanya kwagiriza Leta y’u Rwanda gushigikira umuhari Red Tabara

Umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye abandanya kwagiriza umukuru w’igihugu c’u Rwanda Paul Kagame n’ubutegetsi bwiwe gushigikira umuhari w’iterabwoba Red Tabara uherutse guhekura abarundi muri kigarama mu mwaka uheze wa 2023.ivyo yabivuze kuri uyu wa gatandatu mugihe yariko aripfurizanya umwaka mushasha n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi .

Evariste Ndayishimiye yavuze ko u Rwanda arirwo ruja kurondera imirwi y’iterabwoba mw’ikambi y’imahama rukabaha inyigisho za gisirikare,rukabagaburira hanyuma rukabaha ibirwanisho.

Ndayishimiye agira ati:«Kigali niyo ishigikira umuhari witwaje ibirwanisho red Tabara.twasozereye umwaka turi mukigandaro c’abana bacu,abavukanyi bacu , bashiki bacu n’aba mama bacu baguye mumporero y’igitero c’iterabwoba biboneka neza ko igihugu kibanyi c’u Rwanda cabigizemwo uruhara mw’itegurwa ryico gitero.turababajwe cane n’ukuntu ico gihugu kija kurondera impunzi ziri i mahama kikarenga amategeko mpuzamakungu ajanye no gukingira impunzi».

Tubamenyeshe ko hamaze imisi hari icuka kibi hagati y’u Rwanda n’uburundi vyanatumye Uburundi bwugara imipaka yose buhana n’urwanda inyuma yaho Perezida Ndayishimiye asubiriye kwagiriza urwanda ko ruhaye indaro kandi rugafasha abaroberi b’umuhari RED-TABARA barwanya ubutegetsi bw’uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments