Kenya=Sentare ntahinyuzwa y-ico gihugu yahagaritse umugambi wa Leta wo guhindura ibwirizashingiro, intsinzi ikomeye ku batavuga rumwe.

0

Nkuko tubikesha CitizenTV iradiyo na Televiziyo y-igihugu ca Kenya , Sentare nkuru y-ico gihugu yatangaje ko umugambi wa Leta wo guhindura ibwirizwa shingiro utafise ishingiro na ritoyi ko kandi udakwirikije amategeko ikindi ko uwo mugambi unyuranye cane n-ibwirizashingiro ry-ico gihugu. Abari inyuma y-uwo mugambi wo guhindura iryo bwirizashingiro ni urunani rugizwe n-umukuru w-ico gihugu Uhuru Kenyatta na Raila Odinga Kenyan Supreme Court Gives its Reasons | Council on Foreign Relations

Tubamenyeshe ko uwo mugambi wo guhindura ibwirizashingiro ry-ico gihugu uzwi cane nka ˮBuilding Bridges InitiativeBBI‟  warurimwo ivyerekeye kwongera ibiringo vy-abagize Leta uhereye k-umukuru w-igihugu hamwe n-inama nshingamateka aho perezida wa republika yovuye kuri manda y-imyaka itanu ikaja ku myaka indwi. Ikindi cari mw-iryo hindurwa n-uko  hoshizweho igiti c-umushikiranganji wa mbere hamwe no kwongerereza igitigiri c-abashingamateka kikaduzwa ku majana atatu.

Abacamanza b-iyo sentare ukwari batanu joel Ngugi, George odunga, jairus Ngaah, Teresia Matheka, na Chacha Mwita bamenyesheje ko Perezida Uhuru yihaye ububasha afise mu kwaka ijambo abanyagihugu.

Mu bateguye uwo mugambi wo guhindura iryo bwirizwashingiro aribo Perezida Uhuru Kenyatta na Raila Odinga baheruka kumenyesha ko iryo hinduka ry-ibwirizashingiro rigiye kuzotuma rirangiza ry-uko uwatsinze amatora yigarurira igihugu wenyene mukugitwara arivyo vyama vyazanye imvururu za politike zikarwamwo abantu benshi.

Ku batavuga rumwe bo mw-ico gihugu bobo bakengurutse cane ku ngingo yaraye ifashwe n-abacamanza b-iyo sentare. Icegera c-umukuru w-igihugu William Ruto abicishije k-urubuga rwiwe rwa Twitter yavuze ati=ˮhariho Imana yo mw-ijuru ikunda abanye kenya m-uburyo burengeje urupimo, izina ry-uhoraho rininahazwe‟. Umukenguzamateka Elgeyo Marakwet Kipchumba Murkomen kubwiwe yakeje cane abo bacamanza batanu bagize iyo sentare k-uruhara rukomeye bakoze mu mateka ya Kenya.