UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

USA= Ikigo c-ico gihugu CDC catangaje ko abantu bamaze gukingirwa Covid19 barashobora gutembera ata agafukamunwa bambaye.

UBM News ads

Ikigo ca Leta zunze ubumwe za Amerika  kijejwe ivy-ingwara no kuzikinga CDC ˮ Center for Disease control and prevention‟ caraye kimenyesheje kuruwu wa kane ko abantu bose bamaze kuhabwa urucanco rwa Covid19 bashobora kuhagarika kwambara ubufukamunwa iyo bagiye gutembera canke mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi.Biden names Boston pandemic leader Dr. Rochelle Walensky to head CDC

Abarongoye ico kigo kikomeye muvy-amagara y-abantu ya Amerika basavye ko ingingo zo gukinga umugera wa Covid19 zo kurwaho k-umuntu wese yamaze kuhabwa urucanco rukwiye rw-uwo mugera.Ni ukuvuga  nko  kwambara ubufukamunwa, hamwe no  kutegerana n-uwo murikumwe akaba arivyo bigakurwaho kuwo murwi w-abantu bamaze gukingirwa covid19.

Umupfasoni Rochelle Walensky arongoye CDC  yavuze ati=ˮ Mu gihe mwamaze guhabwa burundu urucanco rwa Covid19, murashobora gusubira mu buzima bwa kera mwarimwo imbere y-uko haza ikiza ca covi19

Abahinga mu vy-amagara y-abantu bo mw-ico gihugu rutura kw-isi bamenyesheje ko ari inkuru nziza ikigo CDC catangaje.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments