UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Kenya:Prezida william Ruto yaraye atangaje ko agiye kuganira n’urwaruka ruri mu myiyerekano

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto yaraye atangaje ko agiye kuganira vyumwihariko n’urwaruka ibihumbi n’ibihumbi ruri gukora imyiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rigenga amafranga Leta ya Kenya izokoresha’Finance bill 2024′ aho hagiye kuduzwa amakori n’ama taxe ku bintu vya nkenerwa.Ibi yabitangaje ku musi w’ejo mw’ishengero Nyahururu church aho yari gusengera.

Ku musi w’ejo igenekerezo rya 23 ruheshi 2024,umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto yagiye gusengera kw’ishengero Nyahururu church haciye umwanya haza urwaruka rwinshi mu myiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rigenga amafranga leta izokoresha bashaka kwinjira mw’ishengero ariko aba polisi barahabereye magabo barabasubiza inyuma ntibashobora kwinjira.

Umukuru w’igihugu William Ruto yaciye atangaza ko agiye kwicarana n’urwaruka rwahagurutse ngo ruharanire uburenganzira bwabo.William Ruto yagize ati:«Turashimiye urwaruka rwacu rwahagarutse ngo rwerekane ubutwari mu kwifatira mu minwe ibiraba vyose igihugu cabo kandi bakabikora mu kurwanira democrasi mu mahoro n’umutekano.twiyemeje gukora ibiganiro n’urwaruka rwacu kugira ibibazo mumaze imisi mushaira ahabona bitorerwe umuti.»

Urwaruka ibihumbi n’ibihumbi rwarahagurutse mu myiyerekano yo kwiyamiriza itegeko rigenga amafranga Leta izokoresha muri 2024-2025 aho hibonekeza iduzwa ry’amakori n’ama taxe ku bintu vyankenerwa aho twovuga:ikori ku mavuta yo guteka,ikori nyongeragaciro(TVA)ku mukate,isukare,imodokari z’abigenga,ibikoresho vy’abagore n’abakobwa bakoresha mu butinyaka n’ibindi bitari bike.

Abari mu myiyerekano basaba ashingamateka kudatora iryo tegeko kandi basaba Prezida William Ruto kuva kubutegetsi.abarenga 2 baramaze gupfira muri iyo myiyerekano nkuko bitangazwa na Human Right Watch nayo abarenga 200 barafashwe barapfungwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments