UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abasirikare bapfunzwe bagirizwa kwanka kurwana n’umuhari M23 basabirwa gupfungwa ubuzima bwose.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikirizamanza wa gisirikare yaraye asabiye abasirikare35 banse kurwana n’umuhari m23 muri kongo umunyororo w’imyaka 10 hamwe n’ihadabu ry’amadorari 800 umwe wese,abandi 239 basabiwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose hamwe no kuriha ihadabu ry’ama dorari 800 umwe wese.Ayo madorare 800 ngo nayo kuriha indege,ubwato hamwe n’imodoka bakoresheje mu kwiyunguruza batahuka mu Burundi.N’inyuma yaho abo basirikare bari bamaze hafi ukwezi baburanishwa ku caha barerwa co kugumukana ababatwara muri kivu y’uburaruko mu gihugu ca Kongo.

Urubanza rw’abasirikare barenga 270 bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Rutana bagirizwa kugumukana ababatwara muri kivu y’uburaruko mu gihugu ca Kongo rwari rumaze hafi ukwezi ruburanishwa rwaraye rushizwe mu mwiherero bakazomenyeshwa ivyavuyemwo inyuma y’ikiringo c’ukwezi.

Umushikirizamanza wa gisirikare yaburanishije urwo rubanza yaraye abasabiye ibihano bitandukanye.Abasirikare 35 yabasabiye gupfungwa imyaka 10 hamwe no kuriha ihadabu ry’ama dorari 800 umwe wese nayo abasirikare 239 nabo basabiwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose hamwe no kuriha ihadabu ry’ama dorare 800 umwe wese.

Nkuko vyashikirijwe n’umushikirizamanza wa gisirikare,ayo madori 800 naho kuriha ama modokari,indege hamwe n’ubwato vyabunguruje igehe batahuka mu Burundi.Abo basikirikare bapfunzwe bagirizwa kugumukana ababatwara ivyo barerwa barabihakana ahubwo basaba sentare kubatunganiriza bagacisha urubanza mu kuri bakurikije ivyo abo basirikare bireguye.

Abo basirikare uko ari 274 bari batanguye kumvirizwa kuwa 22 rusama 2024 maze barangiza kwumvirizwa kuwa 18 ruheshi 2024 urubanza rukaba rwashizwe mu mwiherero aho ivyavuyemwo bizomenyeshwa inyuma y’ukwezi.

Ivyo biruko mu gihe abandi basirikare batari bake bagizwe imbohe n’umuhari M23 mu gihugu ca Congo batabaza amashirahamwe mpuzamakungu ko yobafasha gusubizwa mu Burundi bakaja kuraba imiryango yabo kuko bavuga ko Leta y’uburundi yabihakanye ikavuga ko ari abarwanyi b’umuhari Red-Tabara nkuko umukuru w’igihugu yabishikirije kw’igenekerezo rya 29 kigarama 2024 mu ntara ya Cankuzo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments