UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Nta murundi akirwaye imvunja-Varisto Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu varisto Ndayishimiye aremeza ko ata murundi akirwara imvunja nkuko vyahora vyibonekeza inyabihanga mu misi iheze ubu bose Bambara uturato ntawukingenda n’amaguru.kubwiwe ntatahura ingene abarundi bavuga ngo barakenye kandi ata mvunja zikiriho kuko invunja ari ikimenyetso c’ubukene.ibi yabishikirije mu gikorane cabereye mu ntara ya mwaro muri komine Nyabihanga aho yariko arashimira Imana ku myaka 4 amaze ku butegetsi.

Mu gikorane catunganijwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye ku myaka 4 amaze arongoye igihugu cabereye mu ntara ya Mwaro muri Komine Nyabihanga ku magenekerezo rya 20 gushika 22 ruheshi 2024,Varisto ndayishimiye aremeza ko ata murundi akenye kuko ubu nta mvunja zicibonekeza mu gihugu nkuko vyahora vyibonekeza muri Komine Nyabihanga mu misi iheze ariko ubu bose Bambara uturato bose ntawukigenda n’amaguru akaba ariyo mpamvu ata barundi bakenye kuko imvunja ari ikimenyetso c’ubukene.

Varisto Ndayishimiye yagize ati:«Mu misi iheze aha inyabihanga abantu bari barwaye imvunja ariko ubu harizo mukibona?imvunja nico kimenyetso cambere cerekana ubukene,ubu uravye amaguru bose baraberewe Bambara uturato bahora bagenda batambaye ibirato.abo bantubakenye gute?»

Umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye aremeza kandi ko igitoro kidakenye kubera ubukene.agira ati:«Ntihagire uwuvuga ko igitoro gikenye kubera ubukene.none ni kubera iki ijambo rivurwa gusa ari igitoro?jewe nta kindi kintu numva.indya ni rya nawe mu gihugu.ntushobora kuvuga ngo inzara yarateye indya zirahari.»

Imvugo y’umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye iratangaje kuko ibihe uburundi biriko biracamwo muri kino vyari bikwiye ko umukuru w’igihugu wenyene ahaguruka agafata ingingo ziboneka zotuma uburundi buva mu bihe bigoye vy’ubutunzi burimwo none ashishikara kwemeza ko abarundi batunze ata kibazo kiriho.

Nta gihe cari kihaciye umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yemeje ko ikibazo c’ibitoro ari inkwirikizi z’ibihano Leta y’uburundi yafatiwe kukiringo ca 3 c’umuhisi Petero Nkurunziza.Umushikiranganji w’ikigega ca Leta Audace Niyonzima nawe aheruka gushikiriza mu nama nshingamateka ko ikibazo c’ikena ry’igitoro kiriko giterwa n’ikena ry’amafranga y’agaciro.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments