Ubukene bukabije bw’ibifungurwa burahakwa kwinjira mu gihugu c’uburundi . Biri mu cegeranyo c’urunani rw’amashirahamwe mpuzamakungu yishinze gukurikiranira hafi ibijanye n’inzara casohotse kuri Uyu wa gatanu. Fews Net ikavuga ko guhera mu kwezi kwa kabiri ubwo bukene bwatanguye kwibonekeza ibishoboka gushika no mu kwezi kwa Nyakanga 2023. Urwo runani rusigura ko ivyo biterwa n’umwimbu wo mu gatasi utagenze neza. Fews Net ikabona ko n’ibiciro vy’ibifungurwa bishobora kuzoca biduga ku rugero rudasanzwe.
Urunani rw’amashirahamwe mpuzamakungu yiyemeje kubura ku bijanye n’inzara kw’isi, Fews Net ruvuga ko umwimbu w’agatasi wagabanutse mu Burundi hagati y’ibice 10 kugera kuri 15 kw’ijana hose mu gihugu. Ni mu gihe wagabanutse gushika ku bice 25 kw’ijana kugeza kuri 30 kw’ijana mu ntara zo mu buraruko no mu buseruko bw’igihugu kubera imvura yabaye nke. Ingaruka rero, kubw’urunani Fews Net , ingo zikenye zo muri ako karere hamwe no mu ntara kama ya Buragane zihakwa guheza umwimbu wazo kuva muri uku kwezi kwa Ntwarante.
Vyongeye, kubwa Fews Net umwimbu utabaye mwiza mu gatasi watumye ibiciro vy’ibifungurwa biduga, ivyo rero bifatanye nuko imiryango itari mike itakironka aho ica ingero kugira ironke udufaranga, ako karere k’igihugu gashobora kugira ubukene bukabije bw’ibifungurwa ku buryo abanyagihugu bakeneye imfashanyo zihuta mu mezi ya Ndamukiza na Rusama mu kurindira ko umwimbu wo mu mpeshi uboneka.
Ariko aha Fews Net ivuga ko imvura yunyuye ibintu kuba yaracerewe kurwa, vyatumye irima naryo ricerwa kugeza ku mezi abiri .
Uy’umusi rero, kubwa Fews Net bikaba bituma ibice bimwe bimwe vy’igihugu hakiri imirima ikirimwo ivyatewe igihe co mu gatasi kandi ubwo butaka ubu bwabaye buriko bararushwa mw’irima ry’impeshi, kuba kandi umwimbu utagenze nezamu gatasi, vyanatumye abarimyi batari bake Babura imbuto. Mbere Fews Net ikavuga ko n’ukuba ibiharage vyaranaduze ibiciro, biri mu bituma abarimyi barabuze imbuto kubera vyabagabanirije ububasha bwo kugura imbuto. Uy’umusi rero, Fews Net isanga ibiciro vyamaze kuduga ku rugero rwa 25 kw’ijana ugereranije no mu mwaka uheze wa 2022.
Recent Comments