Kenya : Umuserukizi Wa Amerika Yiyamirizwa N’abatavuga Rumwe Na Leta.

0

Muri Kenya nubu ibintu bibandanya vyunyuka aho abatavuga rumwe barongowe na Raila Odinga n’umugambwe wiwe NASA( National Super Alliance) babandanya bagaragaza akababaro kabo. Inyuma y’aho ibiro vy’abaserukira ibihugu vyabo muri Kenya bishika kuri 11 bisabiye ku mugaragaro ko Raila Odinga yokwemera ko Uhuru Kenyatta ariwe yatsinze amatora, ubu naho abakora imyiyerekano bahindukiriye Ubuserukizi bwa Leta zunze Ubumwe Za Amerika.

Ariko rero, Odinga yasavye abo ba baserukizi kutivanga muri politike ya Kenya, maze abiyerekana baca bakarira cane umuserukizi wa Amerika, Bob Godec, ko ‘ahengamye’. Bob Godec akaba yagirijwe ivyo ku musi wa kane.Muvyo yagirijwe harimwo kuba « yabaye mu bambere » mu mugambi wo kugurisha indege ya gisirikare no mu bijanye no kwubaka ibarabara rihuza Mombassa-Nairobi.

Abiyerekana biyamiriza Umuserukizi wa Amerika muri Kenya, Bob Godec

Yishura kuvyo yagirizwa, Bob Godec yavugiye kuri RFI ko « ivyo vyagiriji ari ivy’ikinyoma ». Abatavuga rumwe na Leta ya Kenya barashitse naho bagiriza uyo muserukizi wa Amerika, Bob Godec, kurya ibiturire. NASA ivuga ko Leta Zunze Ubumwe Za Amerika zishigikiye Leta ya Uhuru Kenyatta kubwinyungu zabo.

Abatavuga rumwe na leta bakaba mbere bakaba mbere bamenyesha ko bazosaba Leta Zunze Ubumwe Za Amerika kumusubiza muri Amerika, kuko ku bwabo, uyo Bob Godec ‘akwiye gutanga imihoho mu kazi kiwe’. Uko biri kwose, Leta ya Amerika izogira ico ivuze kuri ivyo vyagiriji vy’abatavuga rumwe na leta muri Kenya.