UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Angeline Ndayishimiye arababazwa n’ibitigiri vy’abana b’abigeme baheba amashure bakajanwa gukora ubuzi mu bihugu vy’abarabu.

UBM News ads

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’uburundi arababazwa n’ibitigiri vy’abana b’abigeme baheba amashure bakava ku gataka k’uburundi baja mu bihugu vy’abarabu. Angeline Ndayishimiye agasaba amashirahamwe arungika abo bigeme kuraba neza ko ivyo kurungika abo bigeme muri ivyo bihugu biriko bikorwa neza. Akaba yabitangarije ku rubibe rwa Gasenyi-Nemba, avuye u nama mpuzamakungu «Women deliver 2023» yuguruwe mu gihugu c’urwanda kuri uyu wa mbere w’indwi turimwo.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi, Angeline Ndayishimiye yamenyesheje ko ata n’umwe yovuga agateka k’umukenyezi yibagiye ak’abigeme. Akaba yaragarutse ku bigeme n’abakenyezi barungikwa mu gihugu ca Arabiya saudite gukora ubuzi bwo mu nzu.
«Ubuheruka narakozweko n’amashusho y’abigeme batabaza. Nababonye barambaraye hasi ari batanu.Nico gituma nosaba ayo mashirahamwe abarungika kuhagabira imbere yo kubarungikayo» niko Angeline Ndayishimiye yavuganye agashavu.

Kubwiwe, abavyeyi ngo na bonyene bategerezwa kuba maso, bakirinda guhimiriza abana babo kuva ku mashure ngo bagiye kurondera amafaranga. «None abo bigeme bose hamwe boja kurondera ubuzi bagaheba amashure , kazoza k’igihugu kazoba ari akahe? Turakeneye abakenyezi b’incabwenge , bize kugira ngo bateze imbere igihugu» niko yongeyeko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments