UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Kenya: Sentare nkuru yafashe ingingo yo kuba iragumije imiriyoni 2 z-amadorare y-abanyamerika zafashwe zivuye i Burundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Sentare nkuru y-igihugu ca Kenya yaraye ifashe ingingo yo kuba iragumije ivy-agateganyo mu kiringo c-amezi atatu   imiriyoni zibiri z-amadorari y-abanyamerika aheruka gufatanwa umunya kenya avuye mu gihugu c-uburundi. Ayo mahera ibanki BCB  ikaba yari yamenyesheje ko ari ayayo. Iyo sentare nkuru ya Kenya mu ngingo yafashe  ikaba yamenyesheje ko ifise amakenga  ko ivy-ayo mahera  birimwo amahinyu  ashobora kuba agamije ibintu  vyo kunyegeza inkomoko yayo hamwe rero n-ico yaragiye gukora be n-uwo yaragenewe.Maraga leads Supreme Court Judges in pay cut to support war on coronavirus  » Capital News

Ayo mafaranga akaba yafatanywe  n-umunya kenya yitwa Paul Kemboi ku kibuga c-indege ca Kenya Jomo Kenyatta kuwa 17 Ruhuhuma 2022. Agifatwa, ikigo kijejwe kugenzura ivyinjira  n-ibisohoka  co muri Kenya camenyesheje ko  yafashwe kubera ko yerekanye  impapuro zihushanye zerekana  iyo ayo mafaranga agiye.  Ku muhingamo w-uwo musi nyene, Ibanki yo mu Burundi ,BCB  yaremanze  ko ayo mafaranga ari ayayo  ko yari yayarungitse hanze  y-igihugu mu bikorwa yama ikora mu ntumbero  vyo kuyorohereza akazi.

Kuri uyu wa mbere, sentare nkuru ya Kenya yaraye ifashe ingingo  kw-ayo mafaranga  afashwe kubera ko  amahinyu yibonekeza, nkuko bishikirizwa  n-ikinyamakuru co mu gihugu ca Kenya Kenya News. Mu ngingo yafashe, umucamanza wa sentare nkuru ya Kenya Esther Maina yavuzeko bagiriza  umunya kenya Paul Kemboi  ko yabanje guhisha ibijanye  n-ayo mafaranga kuko ngo igihe co kuvuga ivy-ayo mahera, uwo munya kenya yagomvye guhindura  igihugu ajamwo ngo  yaciye agomba guhindura aca yerekana impapuro ko agiye mu gihugu c-ubwongereza  kandi mbere yari yavuze ko  kwaje muri Kenya.

Kw-izo mvo, Kenya News  ivuga ko umucamanza  Esther Maina yaciye ategeka ko ayo mahera afatwa  ivy-agateganyo mu kiringo c-amezi atatu  bivanye nuko hari igipfungu  cerekana ko habayemwo ukugomba guhisha  ivy-ayo mahera.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments