Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsIfumbire iriko ikena mu gihugu kuberako abayikeneye bongerekanye uy-umwaka, bivurwa n-umuyobozi...

Ifumbire iriko ikena mu gihugu kuberako abayikeneye bongerekanye uy-umwaka, bivurwa n-umuyobozi wa FOMI.

Inyuma yaho mu ntara zitari nke hamaze imisi imyidogo y-abanyagihugu kubera ko batakironka ifumbire itangwa n-ihinguriro FOMI, umuyobozi w-iryo hinguriro Simon Ntirampeba  asigura ko iryo kena ahanini ririko riva  ku bwinshi bwabashaka iyo fumbire uw-umwaka wa 2022 kuko ngo nko mu mwaka uheze wa 2021 amatoni y-iyo fumbire yatanzwe ni ibihumbi 27, ubu naho uy-umwaka akaba ari ibihumbi 37. Uwo muyobozi wa FOMI yabitangaje kuri uyu wa gatatu mu nama yabereye ku cicaro gikuru ca FOMI kiri i Bujumbura, iyo nama ikaba yahuje umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu, abo mw-iryo hinguriro , ba buramatari hamwe n-abayobozi bajejwe uburimyi mu ntara.Image

Kubw-ivyo, Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca akaba yaciye aha iryo hinguriro ikiringo c-imisi cumi kugira ngo rihingure ifumbire ikwiye mu gihugu cose maze iryo kena ry-iyo fumbire rirangire burundu.

 

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments