Umukuru w-ishirahamwe APRODH ,riharanira agateka ka zina muntu hamwe n-akabanyororo asaba iradiyo na Televiziyo vy-igihugu (RTNB) kwumvisha abarundi mu buryo buramvuye ikiganiro c-abarundi baba mu bubirigi no mu micungararo yaho bagiranye n-umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye i Bruvelles kuri uyu wa gatandatu. Kubwa Pierre-Claver MBONIMPA arongoye APRODH ngo ntibitahuritse na gato kubona RTNB itashoboye gutangaza ku buryo bw-ibiriraho ico kiganiro cariko kiraba kuko iyo samirizi niyo yonyene yari yemerewe gukwirikirirana ivyariko bivugirwa mw-ico kibanza. Agasaba ko nyimba ata gishaka kunyegezwa, ico kiganiro cotangazwa ku barundi maze bakamenya ivyahavugiye vyose naho harimwo ibitaryoheye ubutegetsi buhari ubu.
Kuri mikoro ya Radiyo INZAMBA (isamirana ku buhinga ngurukana bumenyi), Umutama MBONIMPA ati :« Nasaba radiyo na televiziyo vy-igihugu kuko niyo yari hari honyene , bari batwatse amaterefone , nta numwe yarafise amaterefone yuko ivyavugiwe harya kugira igihugu c-abarundi aha nini biza vyubaka yuko bobicishako abanyagihugu bakavyumva , aho tuzoca twumva yuko ata kintu bariko barahisha kuko uhishije ijambo ryabiwe umukuru w-igihugu uba uriko wica igihugu»





Recent Comments