UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 13, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Kenya: Igitigiri c’abamaze gupfa kubera kwisonzesha caduze kija kuri 98.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igitigiri c’abantu bishwe no kwisonzesha mu gihugu ca Kenya caduze gushika kuri 98 kuri uyu wa gatatu. Incuti n’abavukanyi barabandanya kurindira amakuru y’ababo inyuma y’aho abakora amatohoza bazuriye ibisigarira mu mva rusangi mu ndwi iheze.

Nkuko tubisoma ku rubuga rw’iradiyo Ijwi rya Amerika, Itorwa ry’ibiziga bitari bike vyahambwe mw’ishamba rya Shakahola hafi y’igisagara ca Malindi , ryarababaje abanyekenya .Umupasitori Paul Mackenzie yarabarongoye , yagirizwa kuyobora abayoboke biwe mu rupfu mu kubigisha ko inzira yonyene izobashikana ku Mana ari ukwisonzesha.

Kugeza kuri uyu wa gatatu, Abantu 39 baramaze gutorwa ari bazima mw’ishamba ringana hegitari 325. Abandi 22baramaze gufatwa ku mvo z’amatohoza. Umukuru w’igihugu ca Kenya, yariyemeje guhagarika abapasitori yise ibipfamutima nka Paul Mackenzie Nthenge bakoresha idini mu gukora ibikorwa vy’ububisha.

Ibimenyeshamakuru vyo mu gihugu ca Kenya , bivuga ko Nthenge yahagaritswe mu kwezi guheze inyuma y’aho habonekeye abana babiri bishwe n’inzara bari mu minwe y’abavyeyi babo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments