Thursday, June 8, 2023
HomeNewsAbaharanira agateka ka zina muntu batanu bo muri AFJB na APDH basabiwe...

Abaharanira agateka ka zina muntu batanu bo muri AFJB na APDH basabiwe gupfungwa hagati y’imyaka 10 na 15.

Abaharanira agateka ka zina muntu bo mu mashirahamwe ya AFJB na APDH baburanishijwe kuri uyu wa kane na sentare nkuru ya Ntahangwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Uko ari batanu, bakaba basabiwe gupfungwa imyaka 10 bagirijwe icaha co guhungabanya umutekano wo hagati mu gihugu. Batatu bo mw’ishirahamwe APDH baca bongera gusabirwa gupfungwa imyaka 5 bagirijwe kugarariza amategeko y’igihugu.

Umugambwe CNDD-FDD uciye k’uwuwuburanira wasavye ko boriha imiriyoni 100 z’amarundi kubera ngo bawutyoje mukuwambika iceyi biciye ku rwaruka rwarwo rw’imbonerakure. Abo baharanira agateka ka zina muntu baburanye bahakana ivyaha bagirijwe bakaba basaba kwambikwa izera kuri ivyo vyose bagirizwa. Urwo rubanza rukaba rwaciye rushirwa mu mwiherero.

Tubibutse ko abo baharanira agateka ka zina muntu bahagaritswe mu kwezi kwa Ruhuhuma uy’umwaka. bane muri bo bafatiwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura bariko baja mu gihugu ca Uganda bitabiriye inama y’abagenzi babo. Ivyahavuye bivamwo ukubagiriza gukorana n’ishirahamwe mpuzamakungu ryahagaritswe ritagikorera mu Burundi.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...