Abaharanira agateka ka zina muntu bo mu mashirahamwe ya AFJB na APDH baburanishijwe kuri uyu wa kane na sentare nkuru ya Ntahangwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Uko ari batanu, bakaba basabiwe gupfungwa imyaka 10 bagirijwe icaha co guhungabanya umutekano wo hagati mu gihugu. Batatu bo mw’ishirahamwe APDH baca bongera gusabirwa gupfungwa imyaka 5 bagirijwe kugarariza amategeko y’igihugu.
Umugambwe CNDD-FDD uciye k’uwuwuburanira wasavye ko boriha imiriyoni 100 z’amarundi kubera ngo bawutyoje mukuwambika iceyi biciye ku rwaruka rwarwo rw’imbonerakure. Abo baharanira agateka ka zina muntu baburanye bahakana ivyaha bagirijwe bakaba basaba kwambikwa izera kuri ivyo vyose bagirizwa. Urwo rubanza rukaba rwaciye rushirwa mu mwiherero.
Tubibutse ko abo baharanira agateka ka zina muntu bahagaritswe mu kwezi kwa Ruhuhuma uy’umwaka. bane muri bo bafatiwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura bariko baja mu gihugu ca Uganda bitabiriye inama y’abagenzi babo. Ivyahavuye bivamwo ukubagiriza gukorana n’ishirahamwe mpuzamakungu ryahagaritswe ritagikorera mu Burundi.