Hoba hari ukunyinyurana hagati y’uruhande rw’umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye hamwe n’abanywanyi b’umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD. Ukwo kunyinyurana kwoba guhagaze ku kuntu Alain-Guillaume Bunyoni yocirwa urubanza bivanye n’ivyaha bitatu yagirizwa akaba ari navyo Perezida Ndayishimiye n’uruhande rwiwe bariko bashaka. Ariko, urundi ruhande rw’abagumyabanga ba CNDD-FDD rwoba rutariko rwipfuza ko Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yokwinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba.
Amakuru adushikira ava mwa bamwe mu bagumyabanga ba CNDD-FDD, nuko muri kino gihe bigoye kubona ibigiye gukwirikira kubera mu mategeko hisunzwe ipete rya Bunyoni , ata rwego rw’ubutungane bushobora kumuburanisha. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ngo yoba rero yariko atuma abamwegereye guhamagaza abashingamateka muri iy’indwi turimwo kugira bakureko ubudahangarwa Jenerari Alain-Guillaume Bunyoni . Abashingamateka nabo bakaba batabibona kumwe kubera ko ngo na Perezida Ndayishimiye yovyikorera agafata ingingo yo gufuta Alain-Guillaume Bunyoni mu rwego rw’igipolisi.
Ikindi, ngo nuko umugambwe CNDD-FDD utaramenyesha aho uhagaze nyarirya ivy’ifatwa rya Bunyoni batigeze babimenyesha uwurongoye uwo mugambwe Reveriyano Ndikuriyo. Uwo nawe, ngo akaba yaranababajwe no kubona umukenyezi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye yarubahutse kurungika abasirikare bambaye impuzu za gisivire gusaka urugo rwa Denise Bucumi, umutambukanyi w’uwahoze atwara uburundi umuhisi Perezida Nkurunziza.
Amakuru tuguma tubandanya turonka nuko Alain-Guillaume Bunyoni ariwe ngo inyuma y’imisi yaramaze m’uwundi muhana mu gisagara ca Bujumbura yihamagariye uwutwara urwego rw’igendereza Gen. Ildephonse Habarurema amubwira ko nyimba boba bamukeneye bomusanga ahari mu modoka, aho naho kubw’ayo makuru, ngo hakaba hari mu karere kabamwo Gen. Silas Ntigurirwa asanzwe ari umuyobozi mwishikira kwa Perezida Ndayishimiye ajejwe ibibazo vya gisirikare, ari naco gituma vyagiye biravurwa ko Bunyoni ariho yaramaze imisi. Niko guca Bunyoni aja gutorwa mw’ako karere yababwiye maze aca ajanwa mu biro vyo mw’iperereza biri i Bujumbura, akaba nubu ariho agipfungiwe.