UBM News ads UBM News ads
Sunday, May 19, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Kenya: Abashingamateka baripfuza ko hoshirwaho itegeko rituma uburundi na sudani y’epfo biheranye intererano muri EAC kugira ijambo rike muri uyo muryango.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abashingamateka bo mu gihugu ca Kenya bari mu murwi ujejwe ivyo kwinjira mu mashirahamwe yo mu karere baripfuza itegeko ryoshirwa mu muryango wa Afrika y’ubuseruko EAC ryotuma ibihugu bitanga intererano nini bigira ijambo rikomeye mw’ifatwa ry’ingingo ,nayo ibitanga intererano nke canke biheranye mw’uwo muryango nk’uburundi na sudani y’epfo bikagira ijambo rike.

Mw’ubwo busabe, Abo bashingamateka bagize uwo murwi uyobowe n’umupfasoni Wanjiku Muhia bararekanye ko uburundi na Sudani y’epfo bibandanya gukwega amaguru mu kuriha intererano zisabwa buri mwaka muri EAC.Basaba ibihugu vyatanguje uyo muryango harimwo Kenya kubifasha kwishura izo ntererano.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru The EastAfrican co mu gihugu ca Kenya, Abo bashingamateka bagize bati:«Ibihugu vyawutanguje vyategerezwa kurihira sudani y’epfo n’uburundi intererano harabwe umutima wa kivukanyi, bikanasubiramwo amasezerano agenga EAC ku buryo azoba ahagaze ku bushobozi bwo kuriha intererano mw’uwo muryango, maze ibizotanga intererano nyishi akaba arivyo bigira ijambo rikomeye»

The Eastafrican ibandanya yandika ko iryo teba ry’intererano ry’amafaranga yagenewe EAC rimaze igihe ribabaza bamwe mu bashingamateka bagize inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko EALA aho bamenyesha ko bimaze igihe bituma imigambi uwo muryango washize imbere ngo uzorangure ica ihagarara, ahandi naho ugasanga biciye bihungabanya ku bijanye no guhemba abakozi b’uwo muryango harimwo n’iyo nama nshingamateka nyene.

Tubamenyeshe ko Umuryango wa EAC ugizwe n’ibihugu 7, arivyo :Uburundi, Kenya, Urwanda, Uganda, Tanzaniya, Sudani y’epfo hamwe na Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Vyose ivyo bihugu bikaba bifise ububasha bungana mw’ifatwa ry’ingingo mw’uwo muryango bita mu rurimi rw’igifaransa ‘véto’.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments