Thursday, June 8, 2023
HomePolitics"Jewe ndibaza CNDD-FDD mu migambi yawo harimwo ivyo gukenesha abarundi , ni...

“Jewe ndibaza CNDD-FDD mu migambi yawo harimwo ivyo gukenesha abarundi , ni ukuvuga ivyo kubasonzesha”-Fréderic Bamvuginyumvira.

Ni agashinyaguro gusa umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akoresha mu kuvuga ko ata muntu numwe ashonje mu gihugu c’uburundi. Bivurwa n’umunyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi , Fréderic Bamvuginyumvira aho anegura imvugo ya Perezida Ndayishimiye. Kubw’uwo munyepolitike, ngo vyerekana ko umugambwe CNDD-FDD mu migambi yawo harimwo ugukenesha abarundi , ni ukuvuga ukubasonzesha.

Mu kiganiro yahaye iradiyo n’imboneshakure Renaissance, Bamvuginyumvira yagize ati :”insiguro ntanga ku majambo aheruka gushikirizwa na Perezida Ndayishimiye yuko abarundi badashonje nuko ahanini CNDD-FDD nta migambi ifise, kuno itagira imigambi, yabwirizwa guhora canke bakarondera ayandi majambo bari buvuge muga Atari arya”

Uwo munyepolitike ari mu buhungiro arongerako ati :”Perezida Ndayishimiye iyo yumvise ibihumbi 71 vy’abana bo mu mashure y’intango bataye amashure bakomoka kubera inzara, yibaza gute? Aca abihisha gute?, Jewe ndibaza CNDD-FDD mu migambi yabo harimwo ivyo gukenesha abarundi , ni ukuvuga ivyo kubasonzesha”

Tubamenyeshe ko Perezida Varisito Ndayishimiye yaheruka gutangaza ko ata barundi bashonje mu gihugu arongoye kuko ku bwiwe, ngo iyaba bashonje bokwivye ibiri mu mirima y’abandi. Ngo abavuga ko bashonje ni ibinebwe badashaka gukura amaboko mu mpuzu kugira bakore. Mu kwezi kwa Rusama 2022, Perezida Ndayishimiye yaravuze ibisa nkivyo ko abarundi bahaze kuko ngo iyaba bashonje boriye ” imisiba, ibifyera, imibirizi, n’ibikogoshi “.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...