Kent p:Ntakintu kinryohera nko kubona indirimbo nakoze ku mboneshakure mpuzamakungu

0

Umuhinyanyuzi w’umurundi asanzwe akora amasanamu ariwe kent-p araryoherwa no kubona amasanamu y’indirimbo yakoze ku mboneshakure mpuzamakungu nka Nigezie,Eatv n’izindi

Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews,kent-p akaba yatubwiye ko ari iteka k’ubahinyanyuzi bose b’abarundi no k’umuziki w’uburundi kuko twari tumenyereye kubona amasanamu y’abandi baririmvyi kuri izo mboneshakure ariko kuba ubu tubona amasanamu y’indirimbo z’abarundi vyerekana ko ari iyindi ntambwe tubandanya dutera mu muziki w’uburundi
kent p agifise ama dread

Tworangiza tubamenyesha ko amasanamu uyo muhinyanyuzi amaze gukora yabonetse kuri izo mboneshakure ari amasanamu y’indirimbo Africa ya Ashley Diva hamwe n’amasanamu y’indirimbo Better Than y’umugwi Best Life Music n’ayandi masanamu menshi