Umuhinyanyuzi akomeye cane muvyo guhinyanyura amasanamu ariwe Nzeyimana Ismail abenshi bazi kw’izina rya kent-p buca afata urugendo yerekeza mu gihugu c’urwanda,igihugu gisanzwe kibamwo umuryango wiwe harimwo n’umuvyeyi amuvyara ariwe Maman wiwe

Imbere yuko afata urugendo ejo aho bukera uyo muhinyanyuzi yashoboye kuganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews aho twamubajije ivyurugendo rwiwe,ico yoba agiye gukora mu gihugu c’urwanda,kent-p akaba yatubwiye ati:Ngiye mu rwanda gukora amasanamu y’imwe mu ndirimbo zakunzwe cane yaba hano mu burundi eka ndetse no mu rwanda naho atashimye kuyitubwira

Tworangiza tubamenyesha ko kent-p asanzwe ari umuhinyanyuzi akomeye cane hano mu gihugu c’uburundi muvyo gukora ama video





Recent Comments