Abanyuruza itunga ry’igihugu barageramiwe muri Leta nkozi

0

Inyuma yihamagarwa mu butungane rya Jean Marie Rurimirije, yarumuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu, abandi batwara amashirahamwe ya Leta barabandanya kurengutswa babazwa iyamatungo yayo mashirahamwe azimanganira.

Albert Maniratunga, arongoye ishirahamwe OTRACO ryo gutwara ibintu n’abantu akaba yatumweko mu biro bijejwe iperereza kugira abazwe amatungu batabona neza iyo yakamanganiye. Uwundi ariko aravugwa kwacunzwe icamaso ni Jacques Bigirimana, arongoye ishirahamwe OTB rihingura igiterwa c’icayi. Amakuru ariko arazunguruka akavuga ko ashaka guhungira mu gihugu ca Canada ariko bikaba bitariko biramworohera kuko hari amafaranga menshi batabona iyari yo mw’ishirahamwe OTB.

Umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni akaba yaheruka kugirisha inama abakozi b’ishirahamwe ONATEL akaba yasanze yahomvye imiliaridi 100 mu mwaka uheze wa 2019. Kumwaka kumwaka iryo shirahamwe rikaba rigenda rihomba. CPC Alain Guillaume Bunyoni akaba yaciye ashinga umurwi wo kwiga iyo ayo mahera yakamanganiye. Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, nawe akaba yaragabishije abanyuruza amatungo ya Leta bagashira mu mifuko yabo.