UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Kayanza: Révérien Ndikuriyo asaba abanywanyi ba CNDD-FDD kwica abo yita ‘imfyisi’ kugira ngo hasigare ‘intama’.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu asaba abagumyabanga kwica abo yita ‘imfyisi’ kugira ngo hasigare ‘intama’. Révérien Ndikuriyo yabivugiye muri komine kabarore, intara ya Kayanza mu ndwi iheze aho yari yagendeye abanywanyi biwe nkuko amaze imisi abikora mu ntara zitandukanye zigize uburundi.

Bamwe mu bagumyabanga ba CNDD-FDD bo muri zone Rugazi, komine Kabarore bavuganye n’ikinyamakuru Sos Médias Burundi, bavuga ko bafise amakenga bivuye kw’ijambo ryashikirijwe n’uwo arongoye umugambwe ku rwego rw’igihugu. Umwe muri bo yagize ati :«Twaratangajwe n’ijambo ryiwe rihamagarira gukora ikibi. Yadusavye kwica imfyisi hasigare intama.Mu yandi majambo , yadutegetse kwica abatemera akarangamutima ka CNDD-FDD».

Uwundi munywanyi ashimangira avuga ati :«Umunyamabanga mukuru wacu yise imfyisi abanse kwinjira mu mugambwe CNDD-FDD. Intama ni abanywanyi b’uwo mugambwe bemera amategeko y’uburongozi».

Kubwa Révérien Ndikuriyo, ngo abarundi bose bategerezwa kuba abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD. Yagize ati:«Ntivyemewe guhitamwo» kuko ngo abatinjira berekana ku mugaragaro ko batari «mu nzira nziza».
Tubamenyeshe ko kuva yaho hadukiye indyane za politike mu mwaka wa 2015 zitewe n’ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza, Uwo munyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yamye ahamagarira abanywanyi b’umugambwe wiwe kwica abo batavuga rumwe nawo canke abanywanyi b’uwo mugambwe batambikije habiri.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments