Laudit Mavugo yamaze gusinya mu mugwi wa Simba Sc wo muri Tanzania

0

Nyuma yo kugenda kugeragezwa mu gihugu c’ubufaransa mu mugwi wo mu cicaro ca kabiri,umugwi wa tours,umukinyi Laudit Mavugo yasinye amasezerano mu mugwi wa simba sc wo mu gihugu ca tanzania nkuko amakuru dukesha abamenyeshamakuru bo muri ico gihugu ndetse na bari mu mugwi wa vitalo fc
laudit yamaze gushika muri simba
Laudit Mavugo akaba yashitse mu gihugu ca tanzania mw’ijoro ryuno munsi aho yagiye agiye gusinya amasezerano muri uyo mugwi wiwe mushasha,umugwi wigeze gucamwo abakinyi b’abarundi nka:
Tambwe Amissi,Demunga hamwe na Pierrot Kwizera

Laudit Mavugo akaba agiye kwambara nomero mirongo 45 nkuko tubibona ku mpuzu agiye kuza arambara ari muri uyo mugwi wa Simba wo mu gihugu ca Tanzania