UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Jéremie Minani agiye kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyepolitike Jéremie Minani arongoye umugambwe urunani rwa Democrasi n’ubumwe bw’abarundi amenyesha ko azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu kandi ko hamwe uwo mugamwe woramuka atsinze amatora uzoca ufuta urwego rw’inama nkenguzamateka kuko rudakenewe mu Burundi.ibi bikaba biri mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye igenekerezo rya 10 mukakaro 2024.


Inyuma yaho yaheruka gutangaza ko avavanuye no gucafuza intwaro y’umugambwe CNDD-FDD akemera ubutegetsi burongowe na Evariste Ndayishimiye hari igenekerezo rya 31 ntwarante 2024,umunyepolitike Jéremie Minani arongoye umugambwe urunani rwa democrasi n’ubumwe bw’abarundi yaraye amenyesheje ko agiye gutahuka maze ahiganirwe ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora azoba mu mwaka wa 2027.

Nkuko biri mw’itangazo ry’uwo mugambwe ryo kuwa 10 mukakaro 2024,uwo mugambwe umenyesha ko mu matora y’abahingamateka yo mu mwaka wa 2025 uzoserukirwa n’abantu 100.muri abo 100,70 bari mu gihugu hagati nayo 30 baracari mubuhungiro.

Umugambwe urunani rwa democrasi n’ubumwe bw’abarundi umenyesha ko hamwe wotsinda amatora ko uzoca ufuta urwego rw’abakenguzamateka mu gihugu kuko rudakenewe maze amafranga yahora arugenewe agaca ashirwa mu migambi y’iterambere.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments