UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abarundi basabwa kugenda n’amaguru mu gukemura ikibazo c’ukwiyunguruza-Aimée Laurentine Kanyana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuhuza w’abarundi Aimée Laurentine Kanyana atera akamo abarundi kugenda n’amaguru mu ntumbero yo gukemura ikibazo co kwiyunguruza hako baguma barindiye ama bus amasaha n’amasaha.agira ati:«abasore mbwambare ama souplesse,aba mama mbwambare ama boubou hama muhatere n’irenge hako muguma murindiriye ama bus» ibi yabishikirije ku musi w’ejo mu nama yagiranye n’abarongoye abandi muri komine mukaza.


Umuhuza umuhuza w’abarundi Aimée Laurentine Kanyana yaragize ico avuga kukibazo co kwiyunguruza gisigaye ari ikibazo gikomeye mu gisagara ca Bujumbura biturutse kw’ikena ry’igitoro rimaze igihe mu gihugu.hari ku musi w’ejo igenekerezo rya 8 mukakaro mu nama n’abarongoye abandi muri Komine Mukaza.

Umuhuza w’abarundi yateye akamo abarundi ko bogerageza kugenda n’amaguru hako baguma bicaye barindiriye ama bus abunguruza kandi ataboneka kugira bakemure ico kibazo.

Aimée Laurentine Kanyana yagize ati:«Muramaze kubona ingene urwaruka bamara amasaha n’amasaha barindiriye ama bus abunguruza?naho hoba mu kinama boshobora gushikayo n’amaguru bapfa kuba bambaye ama souplesse gusa.najewe noshobora gushikayo.aba mama nabo nyene ndazi boshikayo bapfa kuba biyambariye boubou gusa n’akarato ko hasi biba biheze!»

Ikibazo c’ikena ry’igitoro ryatumye haba ikibazo kitoroshe mu kwiyunguruza haba hagati mu gihugu ndetse no mu gisagara hagati.bikaba biboneka ko kino kibazo gisa n’ikigoye gutorera umuti bivanye n’inyishu ziva mu ndongozi z’igihugu aho bamwe berekana ko biva kw’ikena ry’amafranga y’agaciro kandi nayo nyene asanzwe ari ikibazo mu gihugu,abandi bakavuga ko ari inkwirikizi z’ibihano Leta y’uburundi yafatiwe muri 2015.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments