Emmanuel Sinzohagera asanzwe arongoye inama nkenguzmateka y’uburundi agiye gushinga ihinguriro ry’amavuta avuye mu bihoke(tourne sol) mu ntara ya Ruyigi.iryo hinguriro rikazoba ryegukira ishengero methodiste unie asnzwe ayoboye ku rwego rw’igihugu.Ibi yabishikirije ku musi wa gatatu igenekerezo rya 10 mukakaro 2024 muri komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi.

Kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 10 mukakaro 2024,umukuru w’inama nkenguzamateka Emmanuel Sinzohagera akaba n’umukuru w’ishengero Méthodiste unie ku rwego rw’igihugu yamenyesheje ko agiye gushinga ihinguriro rikora amavuta avuye mu bihoke mu ntara ya ruyigi kandi iryo hinguriro rizoba ryegukira iryo shengero asanzwe ayoboye.
Emmanuel sinzohagera yasavye abanyeshengero ba Methodiste unie kurima ku bwinshi ibihoke kugira umwimbu w’amavuta avuye mu bihoke uzobe mwinshi.
Uwo arongoye inama nkenguzamateka avuga ko hambavu yo gufasha imitima,amashengero nayo nyene afise uruhara rudasanzwe mu gufasha mw’iterambere ry’igihugu.





Recent Comments