UBM News ads

Izindi ndyane zirabandanya kushika m-umugambwe wa Rwagasore.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abanywanyi b-umugambwe w-abadasigana UPRONA bariyamiriza inzego z-uwo mugambwe zihari ubu ko zidakwirikije amategeko kuko ikiringo c-izo nzego carangiye mu mwaka w-2019. Abari hejuru y-abo banywanyi bariko biyamiriza izo nzego z-umugambwe haza Ambassadeur Isidore Mbayahaga, Anicet Niyonkuru na Gaston Sindimwo yigeze kuba icegera ca mbere c-umukuru w-igihugu.Burundi : L' UPRONA, ex-parti unique, a de nouveaux dirigeants - Nouvelles  du Burundi - Africa Generation News

Nk-uko  bimenyeshwa na Isidore Mbayahaga , umwe mw-abo badasigana asaba ko hatorwa izindi nzego z-umugambwe, ibibazo  biri m-umugambwe wabo  bizotorerwa inyishu  mu biganiro no gushiraho inzego nshasha zumvikanyweko na bose.

Inyuma y-inamay-abarongoye umugambwe mu ntara, uburongozi bw-uwo mugambwe bwari bwashikirije  kur-uyu wa gatanu ko ko bugiye gusuzuma ingingo zofatirwa abadasigana Gaston Sindimwo, Isidore Mbayahaga na Anicet Niyonkuru.

Abo bagirizwa kugira inyifato mbi m-umugambwe wa RWAGASORE bari bitwaye m-ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu. Ubwo nabwo bukaba bwahavuye buhagarika amakoraniro y-uwo mugambwe k-urwego  rw-amakomine kuva mu mpera z-ukwezi kwa kane guheze. Ubwo bushikiranganji bwasiguye ko itunganywa ry-ayo makoraniro ryahonyanze  amategeko  agenga uwo mugambwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments