Come and see Burundi, umurundikazi wa mbere yiyemeje gutanguza ico gikorwa.

0

NI IBIKI UMURIRIMVYIKAZI ESTHER NISH AGIYE GUKORA?
Umuririmvyi w’umurundikazi Esther Nish official afadikanije na Bukiv Lab isanzwe imufasha mu bikorwa vyiwe vy’umuziki  , baramenyesha ko bariko barategura ico bise” Come and See Tour” kijanye n’indirimbo uwo muririmvyikazi aherutse gusohora yitwa “Come and See” kandi yakunzwe cane . Uwo muririmvyikazi ategura kuzogira ibiteramo ( Concerts ) kuva mu kwezi kwa Ruhenshi gushika muri Mukakaro, mu ntara za Ngozi , Gitega, Rumonge na Bujumbura. Amenyesha kandi ko mu kwezi kwa Kigarama ategura kuzosohora urukurikirane rw’indirimbo ( album).
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Esther Nish Official akavuga ko afise intumbero nyamukuru yo kumenyekanisha igihugu c’Uburundi mu makungu. Akavuga kandi ko indirimbo aheruka gusohora “Come and See” biboneka ko yashitse kure cane afatiye ku butumwa buva mu makungu n’ahandi bayimushimira.
Ismaël, umwe mu baserukiye Bukiv Lab akavuga ko intumbero bafise ari iyo gukora cane kugira bamushitse ku rwego mpuzamakungu. Akaremesha abakunzi b’umuziki w’Uburundi ko uburyo bukwiye, ata gikorwa nakimwe boreka gukora kugira bamuteze imbere.
Yaba Esther Nish canke Bukiv Lab baratera akamo abarundi bose aho baherereye ngo bashigikire umuziki ndundi, bamenyekanishe igihugu cabo mu makungu, nakare ngo turi kumwe twese birashoboka