Mu bice bitandukanye vy’igihugu c’uburundi hariko hibonekeza iduga ridasanzwe ry’ibifungurwa mu masoko. Ikiribwa c’umuceri na cone caraduze biteye ubwoba. Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye abona ko kuba igiterwa c’umuceri gisigaye kizimvye mu gihugu ari ukubera ko vyatewe n’abanyuruje amafaranga yari yagenewe kwubaka urugomero rw’amazi rwa Kajeke rwovomeye imirima y’imiceri iri mu kiyaya c’imbo. Perezida Ndayishimiye asa n’uwutuma abarundi ngo baje kwishuza abanyuruje amafaranga yagenewe kwubaka Kajeke. Mu mwaka uheze, Varisito Ndayishimiye yari yiyemeje ko agiye gushengeza mu butungane abagizemwo uruhara bose mw’inyuruzwa ry’amafaranga yagenewe kwubaka urwo rugomero ruri mu ntara ya Bubanza, Ariko nubu abarundi baracarindiriye ko hashengezwa abo bantu mu butungane.
Varisito Ndayishimiye ati :”Abantu baragiye, tugira twiyubakire barrage Kajeke kugira twimbure umuceri mwinshi mu kiyaya, baca bagenda bariba ayo mahera. Umuceri Ntiwarimwa kubera amazi abuze”
Umukuru w’igihugu c’uburundi asa n’uwutuma abarundi ngo baje kwishuza abanyuruje amafaranga yagenewe kwubaka urwo rugomero :
“None mugomba mwuwukure hehe? Nimubwire barya batwaye arya mahera muti garukana amahera twubake barrage”
Mu kwezi kwa Ruheshi umwaka wa 2021, Perezida Ndayishimiye yari yashizeho umurwi uzokurikira mu butungane abagize uruhara mu kwubaka nabi urwo rugomero ruri mu ntara ya Bubanza, ariko nubu abantu bakabandanya bibaza aho ugushengeza bigeze mu butungane abagirizwa kuba baranyuruje amafaranga yagenewe kwubaka urwo rugomero.
Recent Comments