Sunday, January 29, 2023
HomeUmutekanoIgisirikare ca Congo n’ic’uburundi bitangaza ko vyishe abarwanyi 40 ba FNL ya...

Igisirikare ca Congo n’ic’uburundi bitangaza ko vyishe abarwanyi 40 ba FNL ya Nzabampema.

Igisirikare ca Congo,FARDC gifadikanije n’ic’uburundi vyatangaje kuri uyu w’Imana ko vyishe abarwanyi 40 b’umuhari FNL urongowe na Aloys Nzabampema ufise ibirindiro muri teritware ya Mwenga ni mu ntara ya Kivu y’ubumanuko. Umuvugizi w’igisirikare ca Congo yemeje ko birukanye abo barwanyi babakura mu birindiro vyo mw’ako karere bari bamazeyo imyaka 12.

Ivyo bisirikare bibiri vyemeza ko vyanguye kugaba ibitero bitandukanye kw’abo barwanyi kuva kuwa 25 Munyonyo 2022. Mw’itangazo ryasohowe kuri uyu w’Imana n’umuvugizi w’ingabo za Congo muri ako karere, Lt Marc Elongo, yagaragaje ko igisirikare ca FARDC n’ic’uburundi bishe abarwanyi 40 ba FNL ndetse babirukana mu birindiro vyabo biri ahitwa Naombi muri teritware ya Mwenga , segiteri ya Itombwe , bari bamazeyo imyaka 12.
Lt Elongo yabandanije avuga ko muri iyo mirwano , igisirikare ca Congo cahakomerekereje abasirikare babiri gusa mu ntambara yatanguye kuwa gatanu irangira kuwa gatandatu.

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....