Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 28 Munyonyo 2022, Ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya no kubika umwimbu ANAGESA kizotangura kudandaza umwimbu w’ibigori mu ntumbero y’ukworohereza abanyagihugu ku bijanye n’iduga ry’ibiciro ku masoko.
Nkuko bishikirizwa n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ibidukikije , uburimyi n’ubworozi Prosper Dodiko amenyesha ko ikiro kimwe c’intete z’ibigori kizogurwa amafaranga 1200 Fbu kandi ko uwo mwimbu uzodandazwa mu makomine abanyagihugu baho bashoboye kugurisha uwo mwimbu. Dodiko abandanya amenyesha ko kira muryango uzorungika umwe kandi atawurekuriwe kugura ibiro birenga 50.
Ico gikorwa kikazoba mu kiringo c’indwi zibiri kandi kikazokwirikiranwa n’umurwi ugizwe n’ubushikiranganji butandukanye. Abajejwe intwaro n’umutekano bagasabwa gufasha kugira ico gikorwa kigende neza.