UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

iyi niyo ndirimbo nshasha Mkombozi azoririmbira mu giteramo c’agakura ariko arategura !

Umuririmvyi Mkomboz mukiganiro yahaye afrifame.bi kubimaze imisi bivugwa bijanye n’itegurwa ry’indirimbo yiwe nshasha azokwita “Nzeyimana”yatubwiye ko ubu yahejeje kuyandika no gukora umudiho wayo(instrumental).Nkuko avyivugira,ngo izoba iri mu mudiho wa Rap hamwe n’umudiho kama(traditionel)ariko ngo izoba iri mu mudiho wa Kirundi (traditionnel)cane.

Iyo ndirimo ngo azoyishira ahabona mugiteramo cagakura ariko arategura kizobera mugisagara ca Bujumbura kwigenekerezo rya 4-5-2014 kandi ngo azoririmba Live,ivyo bigasigura ko atamuntu numwe azoyironka imbere yico giteramo nkuko yabitwiganiye.

Inyuma y’indwi 2 gusa ico giteramo kibaye,ngo azoca ashira ahabona video yayo kugira abakunzi biwe babone amashusho yayo.Muri iyo ntumbero yo kuyimenyekananisha ngo azoca atangura kugira ibiteramo muntara zitandukanye z’igihugu cu Burundi,akazotangurira mu cankuzo inyuma y’igiteramo kizoba cabereye mugisagara ca Bujumbura hace hakurikira Ruyigi n’i Ngozi.

Tubamenyeshe ko iyo ndirimbo azoyiririmbana n’ababana 2 aribo Chris na Junior,muri ino misi bakaba basa n’abakunzwe cane kubera amajwi yabo asa nayaryohera ugutwi.Ivyo bikabonekera kukuntu abaririmvyi baguma babarondera kugira ayo majwi yumvikane mundirimbo zabo.

Sources : Afrifame

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments