Umuririnvyi w’umurundikazi afise indirimbo zikunzwe cane aba hano muri Leta zunze ubumwe za America ” Aline Vyuka ” umugambi mushasha atanguje wo gufasha abana b’impfuvyi ukomejwe gushigikirwa n’abantu benshi ndetse benshi bakaba banezerejwe nico gikorwa gishasha uno muririnvyi atanguje.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru ca mbere gikunzwe n’abarundi benshi cane baba hano muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” Aline Vyuka yavuze ko uno mugambi mushasha yahaye izina rya ( Aline Vyuka Foundation ) ko uzoba uje gufasha abana bimpfuvyi bo muri Africa, kandi ngo muruko gufasha nyene akaba azobitangurira mu gihugu cu Burundi.
Aline Vyuka ubu azamaze gukorana indirimbo n’abaririnvyi bava mu bihugu bitandukanye kugirango asohore indirimbo ziri kuri Album, aho hose ngo ni ukugirango amahera azoronka avuye muriyo Album, abe ariyo azogaruka gufasha abo bana bimpfuvyi bo muri Africa biciye muruwo mugambi mu shasha atanguje wa ( Aline Vyuka foundation ).
Recent Comments