Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomePoliticsIvy’uko abashingamateka bokora bava mu ntara batowemwo ntivyokunda kuko ibiro vyabo biri...

Ivy’uko abashingamateka bokora bava mu ntara batowemwo ntivyokunda kuko ibiro vyabo biri I Bujumbura (Agathon Rwasa).

Ivyo gusaba abashingamateka ngo bakore bava mu ntara batowemwo ntibikunda kuko ibiro vyabo biri mu gisagara ca Bujumbura.Ivyo vyashikirijwe n’umushingamateka akaba n’umukuru w’umugambwe CNL Agathon Rwasa igihe hariko hahimbazwa kuri uyu w’Imana isabukuru y’imyaka ine umugambwe CNL wemerewe gukorera ku mugaragaro.Mu gihe umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye aherutse kwidogera abashingamateka ko bataduga kuraba abanyagihugu babatoye, Agathon Rwasa avuga ko kugira ivyo bikunde bosaba ko bubakirwa ibiro mu ntara bavukamwo nkuko biri mu zindi nzego.

Agathon Rwasa ati :”Ejo bundi hariho ijambo numvise ngo abashingamateka ntituriko turafasha , abashingamateka twimukiye I Bujumbura , none tuje he? None inama nshingamateka ntikorera I Bujumbura?siho icicaro cayo kiri ? naho twoba dukomeye nk’amabuye nta muntu yogira urugendo rwo kuva I GIteranyi aze I Bujumbura kabiri gatatu mu ndwi ngo abe yobusyerako na kabiri ntivyo kunda”

Umushingamateka Agathon Rwasa agasaba Leta nyabuna ko yobubakira ibiro vyo gukoreramwo mu ntara bavukamwo nkuko bisanzwe biri mu zindi nzego za Leta.
Uwo yatowe mu ntara ya Ngozi mu bashingamateka bo mu mugambwe CNL yagize ati:
“Jewe nosaba nyenicubahiro Umukuru w’igihugu na Leta yiwe burya izindi nzego zigize igihugu ni ukuvuga urwego rw’intwaro , urwego rw’ubutungane bafise ibisata hirya no hino mu gihugu enda natwe nibatworohereze iyo nama nshingamateka batwugururire canke batwubakire ibiro mu ntara zose bashiremwo n’abarundi b’inkerebutsi bafashanya n’abashingamateka kwegeranya ivyo vyiyumviro hanyuma babizanire Leta”

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments